Raba ireresi yerekana ukungene bakoresha urwo rubuga ngurukanabumenyi Kirundi

Itaburo y'ivyandiko vyashizwe mu rundi rurimi

Mw' itaburo iri aha musi harimwo ivyandiko birimwo amakuru nkoramutima yerekeye amagara y'abantu Igisata c'Amagara y'Abantu cashize mu rurimi rwawe. Ico gikorwa co kubishira mu zindi ndimi cakozwe n'abasobanuzi b'indimi b'abanyamwuga babinonosoye

Ingene iyi taburo iri aha hepfo ikoreshwa.

Andika mu gakwadarato ko kurondereramwo kari hejuru ya taburo kugira urondere ukoresheje ijambo iryo ari ryo ryose riri mu mutwe w'amajambo uri mu Congereza canke washizwe mu rundi rurimi. Urashobora kandi guhitamwo ufatiye ku mutwe w'amajambo washizwe mu rundi rurimi (Translated Title), canke umutwe w'amajambo uri mu Congereza (English Title) mu gufyonda kuri umwe muri iyo mitwe y'amajambo.

Gukoresha Google Translate

Ku rubuga ngurukanabumenyi HealthVermont.gov hariko amakuru yerekeye amagara y'abantu menshi kandi urashobora gukoresha Google Translate kugira ubone amakuru yose ari kuri urwo rubuga hamwe n'amafishi menshi vyahinduwe bigashirwa mu rundi rurimi mu buryo bwikoresha. Kugira ubikore, hitamwo “Select Language” hejuru mu mfuruka y'i buryo ku rubuga.

Soma n'ibindi vyerekeye Google Translate

Woba ukeneye ubufasha kugira utahure amakuru y'Igisata kijejwe Amagara y'Abantu? 

Urafitiye uburenganzira amaseruvisi y'ubusobanuzi bw'indimi. Imeyiri [email protected] kugira uhabwe amaseruvisi y'ubusobanuzi bw'indimi ku buntu.

Soma vyinshi ku vyerekeye kuronka amakuru ashobora kuronkwa

Translated Title English Title Sort descending Language
Ijambo rijanye n'ugushikira ibintu vyoroshe Accessibility Statement - Kirundi Kirundi
Ikigo c’I Vermont kijejwe gufata ingingo zibereye kuvy’amagara y’abantu Advance Directive for Health Care - Kirundi Kirundi
Kwemeza igitsina c'umuntu Affidavit of Gender Identity - Kirundi Kirundi
Urwandiko rwemeza ko umuntu atagira aho aba Affidavit of Homeless Status Form - Kirundi Kirundi
Gusaba ikopi y'icemezo c'amavuko canke iy'icemezo c'ukwitaba Imana i Vermont Application for a Birth or Death Certificate - Kirundi Kirundi
Gusaba ikopi y'urupapuro rwemeza amavuko canke urupapuro rwemeza ukwitaba Imana i Vermont, Amabwirizwa y'inyongera Application for a Birth or Death Certificate, Instructions - Kirundi Kirundi
Urupapuro rw'Amavuko rusabwa igihe cararenze hisunzwe Itegeko Application for a Delayed Birth Certificate - Kirundi Kirundi
Urupapuro rw'Amavuko rusabwa igihe cararenze hisunzwe Itegeko, Amabwirizwa y'inyongera Application for a Delayed Birth Certificate, Instructions - Kirundi Kirundi
Urupapuro Rwo Gusaba Uruhusha Rwo Kwubakana Biciye mu Mategeko Muri Reta ya Vermont Application for a Marriage License - Kirundi Kirundi
Ingene umurerano asaba Urupapuro rw'amavuko rw'ukuri Application for Adoptee’s Original Birth Certificate - Kirundi Kirundi
Gusaba Uruhusha rwo Gukoresha Amazu y'Amacumbi canke Ikigo c'Abana Application for License to Operate a Lodging Establishment or Children’s Camp - Kirundi Kirundi
Gusaba Uruhusha rwo Gukora Ibifungurwa Bihinguwe Application for License to Operate a Manufactured Food Establishment - Kirundi Kirundi
Gusaba Uruhusha rw’ Ikibanza co Kudandarizamwo Ibifungurwa Application for License to Operate a Retail Food Establishment - Kirundi Kirundi
Gusaba kwemererwa ikopi yemewe n'amategeko yo kwubaka ugwawe i Vermont canke kwahukana canke Icemezo co gutandukana Application for Marriage or Divorce Certificate (2014-present) - Kirundi Kirundi
Gusaba kwemererwa ikopi yemewe n'amategeko yo kwubaka ugwawe i Vermont canke kwahukana canke Icemezo co gutandukana Application for Marriage or Divorce or Civil Union Dissolution Certificate - Kirundi Kirundi
Gusaba Gukosora Canke Guhindura Urupapuro rw'Amavuko Application to Correct or Amend Birth Certificate - Kirundi Kirundi
Niwambare mu buryo butashobora kugukoza isoni Be Tick Smart - Kirundi Kirundi
Ibikorwa Bijanye N'amagara Y'abantu - Uruhusha Rwo Gutanga Amakuru Yo Kwa Muganga Atanzwe N'umuntu Aserukira Board of Medical Practice, Authorization for Release of Medical Records by Personal Representative - Kirundi Kirundi
Ibikorwa Bijanye N'amagara Y'abantu - Uruhusha Rwo Gutanga Amakuru Yo Kwa Muganga Rutanzwe N'uwufise Uburenganzira Bw'umwunganizi Mu Bijanye N'amategeko Board of Medical Practice, Authorization for Release of Medical Records by Power of Attorney - Kirundi Kirundi
Ibikorwa Bijanye N'amagara Y'abantu - Ifishe Yo Gutanga Ikirego Board of Medical Practice, Complaint Form - Kirundi Kirundi

Vyinshi ku bijanye na Google Translate

Google Translate ikoresha amaporogaramu nyabwonko kugira ihindure ibintu ibikura mu rurimi rumwe ibishira mu rundi. Ntishobora guhindura amakuru yose iyakura mu rurimi kanaka iyashira mu rundi. Ivyo yahinduye birashobora kutaba vyo canke bifise agasembwa.

Nta buhinga bwikoresha bwo guhindura ibintu bubikura mu rurimi rumwe bubishira mu rundi (hakoreshejwe amaporogaramu nyabwonko) butagira agasembwa kandi ntibufise intumbero yo gusubirira abantu basanzwe bakora uwo mwuga. Gushikira ivyahinduwe bigashirwa mu rundi rurimi hakoreshejwe Google ni seruvisi ihabwa abakoresha urwo rubuga ngurukanabumenyi kandi bayihabwa "ukwo iri." Nta garanti n'imwe ihari, haba mu buryo bweruye canke bwihishije, ku bijanye n'ukutagira agasembwa, kwizerwa, kutagiramwo ikosa mu vyahinduwe vyose bivanwa mu Congereza bishirwa mu rundi rurimi urwo ari rwo rwose. Amakuru amwe amwe arashobora kudahindurwa neza atwarwa mu rundi rurimi bitewe n'ubushobozi buke bw'ubwo buhinga.

Topics:
Last Updated: